homepagekirundi

Aremeza ko kuba bakimuri inyuma aruko atarigera abamaramaza canke ngo abatetereze

Arafise ivyo abashimira n’ivyo abanegura.

Inyuma yo kuzunguruka intara zose z’igihugu c’Uburundi, ni Big Fizzo, yemeza ko kabaye akaryo keza ko guhura n’abakunzi biwe kandi ko akenshi baba bafitaniye inyota.

Kuri uyu wa 28 Mukakaro 2019 avuye k’ubutambiro (Stage) ni Big Fizzo abajijwe uko yabonye abarundi isinzi bari kukibuga ca ETS Kamenge bakiriye performance yiwe bivanye nuko hari haje umushitsi kandi w’igihangange mu muziki wo muri kano karere ka Africa; ni Big Fizzo yagize nti:

“Uko nabikoze kuruhande rwanje vyari sawa kandi no kuruhande rw’abakunzi banje n’umuziki wacu muri rusangi banyakiriye neza kandi nanje nagerageje kubanezera uko ndabishoboye n’uko namye ndabibakorera”

Ariko mugihe Fizzo yarabajijwe uko yakiriye itunganywa ry’iryo higanwa ritunganywa na Brarudi ariryo Primusic yishuye asubiza nti:

“Itunganywa ryari sawa twanaronse akaryo ko guhura n’abakunzi bacu bo mu mihingo yose; munaravye neza na Stage isa neza nkuku biratuma umuririmvyi yiyumva ko ariko akora igikorwa ciwe neza ahubwo hogwizwa ubutambiro( Stage) bwinshi bwiza”
“Ariko bikababaza cane kubona inoti itangwa kubaririmvyi bohanze kandi atakintu kirusha ico abahano baba bakoze; nkubu uravye intara zose twazungurutse abantu bari benshi kandi banezerewe kubw’ivyo rero ukwakira umushitsi ntivyari bibi ariko ugafata amafaranga y’umurengera ukamukorera aje gukora umusi umwe mugihe twe twamaze amezi agera kuri atatu tuzunguruka tutaruhuka birababaje cane ico kintu baze bagikosore”.

Aho womenya ko inyuma yo gusozera ico gikorwa yaramazemwo imisi yashize ahabona indirimbo yiwe yise You

What's your reaction?

Related Posts

1 of 740