BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimuzik na wasaniUnicef Burundi

Big Fizzo abatari bake bariko banegura inyifato yagize

Inyuma y’ugukora igiteramo Love and Mony Tour cari categuwe n’abanyamahanga kuri Lacosta Beach, Big Fizzo yafashe urugendo yerekeza aho tutaramenya neza, ikimujanye nico yoba agiye gukora.


Abatari bake bariko bagira ico bavuga ku rugendo Big Fizzo yafashe mu gihe bo bavuga ko bakiri mu kigandaro c’umuhisi yahoze arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi Bruno SIMBAVIMBERE. Abeshi bagiye bagaruka kukubona ataranashika ahariko habera ico kigandaro ndetse ngo kuva akirwara atigeze aja kumuraba bakanagaruka ku kutabona kumwe inyifato ariko yerekana kuri batoyi biwe bamwe bati si n’ubwambere abikora ahubwo n’akamenyero ngo ubwa mbere ntiyibutse nakamaro kuru rindirimbo yahawe n’umuhisi Leonard umusi wokumushingura ngo yaciye afata urungendo naho nyene aho bakabona ko ari akamenyero kiwe.

Abandi batari bake bagiye bandika ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye bamenyesha ko abo bokwise inararibonye z’umuziki aribo bariko batanga akarorero kabi.

Mwomenya ko uwo muhisi azoshinguranwa iteka aho bukera igenekerezo rya 7 Ntwarante umwaka w’2019 mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775