homepageCour anti-corruptionkirundipersonal development

Mama Solo ahamagariye abamwagiriza uburozi mu guteka, gukora nkawe

Abagiriza mama Solo gukoresha uburozi mu guteka, abasaba nabo gukora nk’uko bibaza ko akora kugira nabo baronke abaza kubashorera ivyabo.

Igenekerezo rya 6 ruheshi, Asma Samake benshi bazi nka Mama Solo, azoba akwije imyaka 40 ashitse i Bujumbura. Uwo akaba yashitse hano iwacu mu mwaka wa 1979, aho yazananye n’umushingantahe wiwe hamwe n’umwana umwe yitwa Solo.

Uwo muvyeyi mu kiyago yagiranye na Akeza Webtv, yavuze ko bari bafise integuro yo kuja mu gihugu ca Zambia, ariko umushingantahe wiwe ahava atangura kujayo agaruka, noneho mu nyuma arabura ikiringo c’imyaka 3 ata gakuru.

Mama Solo ngo aho niho yahavuye atangurira gukora akazi ko guteka, atanguriye ku bitumbura hamwe n’inyama zokejwe ku migeto aho yazitanga mu mazu y’abadandaji atandukanye, kugira abashe kwibeshaho kuko umushingantahe wiwe yari atakimwerekwa.

Mama Solo amaze kubona ivyiwe n’umushingantahe wiwe bikomeye ngo niho yafata ingingo y’ugutangura neza neza guteka, ibifungurwa bitandukanye, ariko akaba yateka mw’ijoro gusa. Ariko mu nyuma atangura guteka no ku murango.

Asma avuga ko bitamworoheye ariko ko hariho bamwe mu ncuti ziwe bamufashije, bakamuba hafi muri ico gikorwa. Muribo kandi ngo harimwo uwutakiri mu bazima, ariko uwugihari ngo n’ubu iyo agize ikibazo aramuserukako.

Mama Solo yanavuze ku burozi yagirizwa, hamwe n’amazi y’abapfuye bivurwa ko yoba atekesha. Uwo muvyeyi avuga ko ari urukundo rw’abamushorera, ngo nibo bamufasha kuronka abandi bantu baza, nayo abavuga ivy’uburozi ngo sivyo.

Mama Solo ngo aramaze igihe kitari gito adahonyoza ikirenge mu gikoni, kuko afise abo amaze kwigisha kandi abona ko nka hamwe atoba akihari nabo boshobora gushinga ivyabo. Abo nyene ngo nibo banagenda guteka iyo hagize uwumuhamagara ngo amutekere. Abo amaze kwigisha ngo ni nabo bamubujije guteka, kuko ngo amaze kugira imyaka yitereye.

Mu gihe kuri uyu wa 8 ndamukiza, isi yariramutse ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, Asma avuga ko abagore bari bakwiye guhaguruka bagakura amaboko mu mpuzu, noneho bagakora, kugira ntibabandanye bizera ivy’abashingantahe babo gusa. Ariko akavuga ko ari nka hamwe babashije gushira hamwe navyo ari ngirakamaro gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 741