EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Babbi yasohoye agace gato k’indirimbo buca ashira hanze

Babbi ntiyabashije gushira ahabona igenekerezo nyezina ry’ishirwa ahabona ry’amasanamu y’akaririmbo kiwe gashasha.

Inyuma y’amasanamu y’akaririmbo yise By Your side yashize ahabona mu mpera z’ukwezi kwa 1, Babbi buca ashira ahabona akandi karirimbo gashasha.

Uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa Amerika, yashize ahabona agace gatoya k’amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha yise “Niwewe” yaheruka gushirira amajwi ahabona mu ndwi iheze. Akaba atabashije kuvuga ryari kazoshirirwa ahabona, aho yabashije kubicisha hose.

Ako karirimbo kakaba kazoba kaje gakurikira utundi tutari duke turimwo nka Mbwira canke Kikomando twasohowe mu mwaka uheze, kandi tumaze kurabwa n’abatari bake kuri urwo rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi ari muri bake bakorera ibikorwa vyabo hakurya y’amazi, ariko ibikorwa vyabo bikumvikana hano iwacu hamwe no mu bihugu duhana imbibe nka Tanzania, ubona ko anaririmba kenshi mu rurimi rw’igiswahiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 752