africa newshomepageIndundi Hits Showskirundiprimusic-burundisecuritysocieteWestern Sydney Films Festival

Mozambike : Ibitigiri vy’abakozweko n’igihuhusi “idai” vyashizwe ahabona

Abantu bagera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu barasinzikaye muri iki gihe kubera igihuhusi Idai n’inkurikizi zaco mu gihugu ca Mozambike conyene.

Nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019, abantu bagera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu barasinzikaye muri iki gihe kubera igihuhusi Idai n’inkurikizi zaco mu gihugu ca Mozambike conyene .

Ivyo biri uko mu gihe abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza bariko bagerageza kumenya urugero rw’ivyononekaye n’abageramiwe n’ihiguhusi Idai n’ukumenya imfashanyo yihutirwa bakeneye.

Ico gihuhusi Idai casenyuye amazu, catumye imyuzurane ikomeye ikwiragira mu bice bitari bike vya Mozambike. Igihuhusi Idai cashitse ubwa mbere mu gisagara kirimwo ikivuko ca Beira kiri ku nkengera z’ibahari y’Abahindi kw’igenekerezo rya 14 z’uku kwezi turimwo kirabandanya no mu bihugu vya Zimbabwe hamwe na Malawi.

Abantu 686 bavurwa ko bahitanywe n’ico gihuhusi Idai hamwe n’inkurikizi zaco muri Mozambike, Zimbabwe na Malawi, ivyo bitigiri ngo bikaba bishobora n’ukwiyongera kurushiriza aho.

Mozambike ni co gihugu cageramiwe cane n’ico gihuhusi Idai kurushiriza aho amazu ibihumbi n’ibihumbi yasambuwe naco tutibagiye abantu amajana n’amajana catesheje izabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758