homepagekirundipromoted

Primusic si zirya miriyoni mirongo ibiri na zitanu

Inyuma yo kuvyemanga ko atari yiteze ko yorengana no mu majonjora, ni Laurette TETERO ashima cane uburyo abantu babishizemwo umutima bakamwizera bakamutora.


Aho avuga ko kumutora ngo abe mu kibanza ca mbere nuko boba barabonye ko bikenewe ko umwigeme yoba murico kibaza kandi hari n’ubuke bw’abigeme muri Muzika y’UBURUNDI, aho rero ngo ntibamutumye kwicara ahubwo bamutumye kugira akore cane.
Aho Laurette TETERO yabazwa imbere yuko atahukana intsinzi kuri final ya PRIMUSIC yagize ati :

“Nubwo ntoba uwa mbere ntibisigura ko noba menje ahubwo koba ari akaryo keza ko gukora kandi niyaguye kuko kuza hano sinazanywe na 25 Millions ahubwo naje kuhakura ubumenyi n’ibindi bitandukanye”

Laurette TETERO abandanya atanga akarorero agira ati :

“Nkubu jewe n’irya mbere nari nuriye kuri Stage; ni irya mbere nari mpuye amaso mu yandi n’abahinyanyuzi, ni n’irya mbere nari mpuye n’umumenyereza muvyo kuririmba; urumva aho ko ari akaryo keza naronse ko guhura n’urundi rwaruka rufise ingabirano yo kuririmba”.

Umwana akiri muto w’imyaka 19 aremeza ko indoto yiwe yaruko ahejeje amashure azoca y’iyunga n’umuziki kuko vyamye bimurimwo kandi yamye yandika indirimbo zitandukanye.
Laurette TETERO akabandanya asaba ko bomusengera ntaze azimangane nka bamwe mu bamutanguriye mur’iryo higanwa kuko we ngo abamutoye bamutoye kuririmba ninayo mpamvu agiye gukora ico abamutoye bamutumye; akanagirako asaba ko abakobwa bonyeguruka bagashira ku mugaragaro impano zabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755