footballkirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | 4 ème DV : Pépinière Fc ibandanya yitwara neza

 

kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 01 Rusama 2021 , isaha zine zo mugitondo ku kibuga ca Sesinga kiri mu Ngagara , ihiganwa ryo mu cicaro ca 4 muri komine Ntahangwa ryari ryabandanije kundwi yaryo ya 4 .

Umugwi Pèpinière utwarwa na Alexis Muzirabwoba asanzwe ari umwe muba Membre na Vital’o Fc wari wakiriye Umugwi Olympic de Presse , Urwo rukino rukaba rwarangiye Pèpinière yirahiye Olympic De Press igitsindo 1-0 , ivyatumye uwo mugwi utahukana amanota atatu yo kuri uno musi .

Pèpinière imenyerezwa na Hakizimana Jean gushika ubu ariyo ikibandanya irongora ihiganwa ryo mu cicaro ca 4 muri Komine Ntahangwa , ukaba ufise amanota 12/12 mu nkino 4 umaze gukina.

Inyuma y’urwo rukino uwigeze kuba Umumenyereza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze Alain Olivier Niyungeko yashoboye gufata akaryo ko kwifotoza nabo basore bakiri bato aho yashoboye kutubwira y’uko yashimijwe n’umupira abo basore ba Pépinière bakinye .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669