homepagekirundikirundi_Sports

Abakinyi 2 bakomakomeye b’intamba bagiye kumara iyinga zirenga 4 bataboneka mu kibuga

Kuri uyu wa gatatu uheze igenekerezo rya 30 Gitugutu 2019, harakomeretse abakinyi babiri bakomakomeye mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu gihe bariko bakinira imigwi yabo.

Umukinyi wa mbere yaraye akomeretse ni myugariro David Nshimirimana nawe akaba yaraye akomerekeye mu rukino rwaraye rubahuje n’umugwi Napsa Star ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba ariwe Mavugo Laudit aho Napsa Star yaraye itsinze Bidcom ya David igitsindo 1-0.

David akaba yasohotse mu kibuga ku munota wa 39 w’urukino kubw’imvune yaraye aronse iri mu bwoko bwa ( Déchirure) bisugura y’uko yaraye atabutse imitsi.

Ku makuru twaronse dukuye kuri Staff y’intamba mu rugamba n’uko uyo mukinyi agiye kubura mu nkino zibiri z’intamba mu rugamba zimirije kuba mu kwezi buca dutangura. Ku bazi iyo mvune benshi bavuga y’uko ashobora kumara ikiringo c’indwi 4 zirenga adahonyoza ikirenge mu kibuga.

Uwundi mukinyi twaraye tumenye ko yaronse imvune ni kizigenza w’intamba mu rugamba ariwe Saido Berahino uyo nawe akaba yarakomerekeye mu myimenyerezo y’umugwi wiwe wa Zulte Weregem ivyatumye atanaboneka mu kibuga mu rukino rwaraye rubahuje na Bruges aho baraye batsinzwe igitsindo 1-0.

Berahino nawe akaba yaronse imvune nkiya mugenzi wiwe Nshimirimana David nayo ni ugutabuka imitsi benshi bita akaba agiye kumara indwi zirenga kuri 4 ataboneka mu kibuga nkuko twabisomye mu kinyamakuru Het laatste News.

Ni uruhokombo ku mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba bivanye n’uko abo bakinyi babiri bari ngenderwako mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba kandi bari gufasha ikintu kinini mu nkino zibiri zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 izobera muri Cameroun izo nkino nazo akaba ari Republic Centre Afrique izotwakirira iwabo igenekerezo rya 13 /11/2019 hama igenekerezo rya 19 /11/2019 Uburundi buzoba buriko burakirira hano igihugu ca Maroc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871