CAN2019footballInfrastructureskirundi_Sportsprimus ligueUncategorized

# Indundi Sports | Abakinyi b’aba nyamahanga Aigle Noire yazanye

Mundwi yaraye iheze umugwi Aigle Noire the Fighters werekanye abakinyi batatu b’abanya mahanga bavuye muri Tanzania wazanye mu ntumberoyo kwiyuzuza no kwikomeza .

Umumenyereza w’umugwi Aigle Noire The Fighters Niyonkuru Gustave yari amaze indwi irenga mu gihugu ca Tanzania aho yari yagiye kuraba zimwe mu nkino za Regionals Champions league zariko zibera Ku kibuga ca Lake Tanganyika  mu Ntara ya kigoma , uwo mumenyereza yahavuye ashimishwa n’abakinyi 3 aca abona ku basimbana mu Burundi kugira bazoze gufasha Aigle Noire mw’ihiganwa rya Primus league 2020-2021 .

Abo bakinyi 3 akaba ari aba bakurikira :

1) Edouard : Umusatirizi yatsinze ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa

2) Maduka Umukinyi akina hagati asatira

3) Rumbuzya umunyegori atarenza imyaka 17 ari mu bitwaye neza muri iryo higanwa .

Mwomenya ko Umugwi Aigle Noire uri mu nzira yo kuzana n’abandi bakinyi b’abanya mahanga bavuye muri Africa y’uburengerazuba .

 

Ihiganwa ry’ugusiganwa ku makinga i Gihanga

What's your reaction?

Related Posts

1 of 359