homepagekirundikirundi_Sports

Abakinyi babiri bakinira i Buraya buca baza mu Burundi

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu umwaka wa 2019 abakinyi babiri bakina mu bihugu vya buraya bazoba bishikiye mu gisagara ca Bujumbura kumvo zo kuronswa ivyangombwa bibemerera gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

Umukinyi wa mbere akaba yitwa Jordi Liongola afise imyaka 19 y’amavuko akaba yavutse igenekerezo rya 17 Rusama umwaka wa 2000 mu gihugu c’Ububirigi. Asanzwe ari umukinyi wo hagati w’umugwi Royal Antwerp Fc Reserve w’abadashikana imyaka 21, akaba yarigeze no gukinira umugwi nserukira gihugu w’Ububirigi w’abatarenza imyaka 16 n’umwe mu bakinyi ashobora gukina ku nimero 8, 9 hamwe na 10.

Uwugira kabiri n’uwitwa Parfait Bizoza afise imyaka 20 y’amavuko akaba yavutse igenekerezo rya 3 Ntwarante umwaka wa 1999. Asanzwe ari umukinyi w’inyuma  (défenseur Central) mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Norvège, Raufoss IL, uyo mukinyi akaba amaze gukina inkino zose 26 umugwi wa Raufoss IL umaze gukina uyo mugwi ukaba uri mu kibanza c’10 n’amanota 25 mw’ihiganwa ryo muri Norvège .

Amakuru twaronse kuri Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin ariwe yaduhaye ayo makuru n’uko hari hategekanijwe kuzoza abakinyi 4 munyuma haraza kuboneka abo babiri mugihe abo bandi bakinyi babiri bahvuye babura ivyangombwa bibaha uburengenzira bwo gukinira Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871