homepagekirundikirundi_Sports

Abakinyi b’intamba bashitse neza i Bangui

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019, Isaha zitatu zo mu gatondo 9h00 niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba washika neza na neza i Bangui mu ntumbero yo gutana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa République Centre Africaine mu rukino rwo kurondera itike mu gukurakuranamwo yo kwitabira inkino za nyuma za CAN 2021.

Intamba mu rugamba zikaba zizotana mu mitwe na RCA kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Munyonyo 2019 isaha icenda mu masaha ya hano iwacu ku kibuga ca Barthélemy Boganda.

Mu bakinyi 17 bose bashitse mu gisagara ca Bangui ngo nta n’umwe arwaye bose barakomeye kandi ngo biteze kuzokora ibintu bimeze neza muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871