abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Abakunzi ba Flambeau du Centre na Messager Ngozi baraye basangiye hamwe

Abakunzi ba Flambeau du Centre yo mu ntara ya Gitega baraye bakiriye neza abakunzi ba Messager Ngozi .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Nyakanga 2022, aho umugwi Flambeau du Centre wari wakiriye umugwi Messager Ngozi mu rukino rw’indwi igira 7 rwa Primus League.

Bivanye n’uko iyo migwi isanzwe ihurikiye muri Academy le messager ikaba kandi yashinzwe na nyakwigendera Prezida Nkurunziza , imbere y’uko urukino ruba abakunzi ba Flambeau du Centre ( Fans Club Flambeau du centre) baciye berekana urukundo kuri bene wabo basangiye umwuga wo gufana bava Messager Ngozi ( Orchestre Messager Ngozi) , bakora défilé hamwe ku kibuga Ingoma ndetse baranafata n’umwanya wo gusangira agafanta bari bateguriwe.

Uwusanzwe arongoye Club Fans Flambeau du Centre Nkuzimana Jolie , yavuze y’uko bahisemwo kwakira bagenzi babo ba Messager Ngozi bivanye n’uko ari bene mugabo umwe kandi ni imigwi yashinzwe n’umuhisi President Nkurunziza.

Uwusanzwe atwara orchestre Messager Ngozi Sindihebura Hamza nawe nyene yafashe ijambo arashimira cane abakunzi ba Flambeau du Centre kubona biyumviriye kubakira , ndetse aboneraho n’akaryo ko kuvuga y’uko ubutaha nabo nyene bazobafata neza ku kibuga Urukundo i Ngozi.

Mwomenya ko Flambeau du centre yaraye yirahiye messager Ngozi ibitsindo 3 kuri 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321