homepagekirundikirundi_Sports

Abakunzi b’intamba bashimiye Reveriyano Ndikuriyo ku kigongwe yagiriye Saido na bagenziwe

Inyuma y’aho Saido Ntibazonkiza agiriwe ikigongwe na FFB ari kumwe na mutoyi wiwe Steeve Nzigamasabo hamwe na Nimubona Emery abakunzi b’intamba mu rugamba bashimiye uwutwara FFB Reveriyano Ndikuriyo hamwe na komite yiwe.

Mu kiganiro c’inkino caraye giciye kuri Buja FM abamenyeshamakuru b’iyo nsamirizi aribo Landry Rukundo hamwe na Kevin Gakiza barahaye umwanya abakunzi b’inkino kugira bashobore kushikiriza ukungene bakiriye ingingo ya FFB yo kugirira ikigongwe abo bakinyi.

Benshi bakaba barashimiye umukuru w’inama Nkenguzamateka akongera agatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reveriyano Ndikuriyo.

Bakaba bagize bati : “Ndikuriyo turamwemeye hamwe na komite yiwe yakoze ikintu ciza cane kugirira ikigongwe Saido Ntibazonkiza”

Mukamenya y’uko Saido Ntibazonkiza na bagenziwe naho bagiriwe ikigongwe ugutumwako mu ntamba mu rugamba bizovana n’ico umumenyereza Alain Olivier Niyingeko azobashimako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871