abakinyi bakina hanzekirundi_Sports

#Indundi Sports| Abarundi babiri bitavye inama igira 191 y’ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga kw’isi

Uburundi bwaserukiwe n’abarundi babiri muri ya nama igira 191 y’ishirahamwe ryo gusiganwa n’amakinga kw’isi ( UCI / Union Cycliste Internationale) .

Abo barundi akaba ari Iryumugani Arnaud arongoye ishirahamwe ryo gusiganwa ku makinga mu Burundi ( FBC) na Kinyomvyi Sandra ari mw’ishirahamwe ry’amakinga muri Africa .

Mwomenya ko iyo nama yabaye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Nyakanga 2022 mu gisagara ca Wollongong mu gihugu ca Australie ahariko habera ihiganwa ry’isi rya 2022 ryo gusiganwa ku makinga .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 299