homepageInkinokirundikirundi_Sportspromoted

Aigle Noir yaguze umukinyi w’umwongereza

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Kigarama 2019 niho umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo asanzwe kandi atwara umugwi Aigle Noir n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yandika ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook y’uko yaguze umukinyi anashirako n’ifoto yiwe.

Uyo mukinyi akaba ari umusatirizi yitwa Chebby Brandon asanzwe avuka mu Bwongereza ariko se wiwe akaba ari umurundi avuka mu ntara ya Kayanza yitwa Warren Chebby mugihe nyina wiwe ari umwongerezakazi yitwa Chrly Cooper.

Inyuma yayo makuru avugwa kuri uyo mukinyi Indundi Sports twaronse akaryo ko kwegera se wa Chebby Brandon ariwe Warren Chebby kugira atange umuco kuvyo uburongozi bw’umugwi wa Aigle wanditse.

Nawe akaba yishuye y’uko ayo makuru ariyo kandi yarungitse umwana wiwe mu mugwi wa Aigle Noir kugira nawe aze akomere nk’umugabo akavuga y’uko iburaya ngo bafyinisha abakinyi ariko aje muri Aigle Noir uyo mukinyi azomenya ico yaje kurondera no kumenya akaranga k’igihugu ciwe.

” Narungitse umwana wanje mu gihugu ciwe c’amavukiro kuko ndazi y’uko bizomufasha cane mu gukomera nk’umuhungu ndetse akagira na discipline no kumenya akaranga k’igihugu ca se wiwe. Iburaya barafyina cane ariko aje ngaho i Burundi atarikumwe nanje azomenya ingene yifata bizomwugurura mu mutwe”.

Akaba yavuze y’uko uyo muhungu wiwe yamutanze mu kiringo c’umwaka umwe gusa mu mugwi Aigle Noir.

Brandon Chebby akaba yatanguye gukina umupira w’amaguru afise imyaka 7 muri Academie ya Sky blue ava ngaho aja mu yindi academie ya Southampton ahakina inyama ibiri , awuvamwo aja muyindi academie ya Portsmouth Fc ahakina umwaka umwe aca aja mu mugwi wa Eastleigh Fc munyuma yaho yaciye ahabwa Bourse yo kwiga umupira hamwe na Science ya Sports gushika aho yakwije imyaka 18 muri kino gihe yari asanzwe akina mu mugwi wa Stohham AFC.

Brandon mu mwaka wa 2018 yarashoboye gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rurugamba w’abatarenza imyaka 20 mugihe wariko uritegurira inkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN U 20.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871