homepagekirundikirundi_Sports

Aigle Noir yaraye itahukanye igikombe c’Ubumwe

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Ruhuruma 2020 ku musi wahariwe Ubumwe bw’abarundi mu ntara ya gitega isaha 14h00 aho umugwi wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba wahura n’umugwi Messager Ngozi mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’ubumwe cari categuwe n’ishirahamwe Foundation Burundi Pax risanzwe rifasha umugwi wa Aigle Noir, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Aigle Noir wirahiye  Messager Ngozi ibitsindo 2-1.

Aigle Noir niwo watanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 15 cinjijwe na Nuhu Kassim munyuma kiragomborwa na Muderi Akbar ku munota wa 35 igice ca mbere kirangira iyo migwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Mu gice ca kabiri imigwi yose yaje yazikenyeye kugira ironke igitsindo ca kabiri amahirwe atahukira Aigle Noir the Fighters urukino rurangira ari 2-1.

Aigle Noir ukaba warawe uhawe igikombe, imidari , ibahasha ry’amafaranga 2.000000 Fb hamwe n’imipira 4 , nayo Messager Ngozi yatwaye ikibanza ca kabiri yahawe amafaranga 1.500000 Fb, imidari hamwe n’imupira 3.

Mukamenya y’uko imbere y’uko urwo rukino ruba hari habanje kuba urukino rwa nyuma rw’abatarenza imyaka 17 rwahuje umugwi wa Aigle Noir hamwe na Musongati Fc , urwo rukino rukaba rwarangiye Aigle Noir utsinze Musongati ibitsindo 2-1.

Aigle Noir yatahanye ibahasha ry’ibihumbi 500.000fb , n’igikombe hamwe n’impira 2, mugihe Musongati Fc waronse ibahasha ry’ibihumbi 400.000fb hamwe n’imipira 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871