featured sportfootballgroups-at-messagekirundikirundi_Sportsprimus ligueSport

# Indundi Sports | Aigle Noir yoba igiye kugura Bus igezweho?

 

Umugwi Aigle Noir The Fithers w’i Makamba mu mwaka uzoshobora kuba ufise Bus y’akarorero nka zimwe zitwara abakinyi mu bihugu vya Buraya.

Ivyo tukaba tubivuga bivanye n’ivyanditswe n’uwashinze uwo mugwi Honorable Reverien Ndikuriyo asanzwe atwara Inama Nkenguzamateka hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Honorable Réverien Ndikuriyo abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi agira ati:” Why Not This Bus For Aigle Noir C.S The Fighters Next Season?”

Turi kumwe twese birashoboka.
Tugerageje kwihweza iyo mvugo y’uwo muyobozi tubona ko cabaye nk’ikibazo atumbereza ku nyishu kuko kenshi ico avuze kiba koko, akagira ati: “Kuberiki iyo Bus itoba y’umugwi Aigle Noir the Fighters mw’ihiganwa ry’umwaka uza?

Mikibuka ko mu majambo yari yanditse ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe Facebook nyakubahwa Réverien Ndikuriyo yari yavuze ko baronse ababafata mu mugomgo Bus izoboneka mu kwezi kwa Nyakanga .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 680