footballhomepagekirundikirundi_Sports

Aimé Nzohabonayo yavuze icatumye banyagira Athletico Academy

Ku musi w’imana igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020, umugwi wa Athletico Academy wari wakiriye umugwi wa Aigle Noir i Bujumbura ku kibuga c’intwari mu rukino rw’indwi ya 25 y’ihiganwa rya Primus league, urwo rukino rukaba rwarangiye Athletico Academy inyagiwe na Aigle Noir ibitsindo 5 kuri 1.

Inyuma y’urwo rukino Indundi Sports twarashoboye kwegera umumenyereza agira kabiri w’umugwi wa Aigle Noir ariwe Aimé Nzohabonayo kugira atubwire icatumye banyagira umugwi wa Athletico Academy.

Aimé Nzohabonayo akaba yavuze y’uko babarushije ishaka nta kindi.

Akab yishuye ati : “Twabarushije ishaka nk’uko mwabibonye”

Abajijwe ni ryari yahawe amabanga umumenyereza agira kabiri w’umugwi wa Aigle Noir akaba yishuye y’uko haheze indwi imwe ahawe ayo mabanga.

Aimé Nzohabonayo mu ntango z’ihiganwa yamenyereza mu mugwi wa Kayanza United aca arawuvamwo kubera umusaruro mubi yarabaye kizigenza w’intamba mu rugamba ikiringo gito arakinira imigwi ikomeye ya hano iwacu nka Muzinga Fc hamwe na Inter Star.

Mukamenya y’uko Aimé Nzohabonayo yahora mu mugwi w’abakiri bato wa Aigle Noir the Fighters uri mu gisagara ca Gitega.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891