homepagekirundikirundi_Sports

Alain Olivier Niyungeko arahakana ko agiye kugurirwa ingendeshwa na Berahino

Nta ngendeshwa Alain Olivier Niyungeko agiye kugurirwa na Berahino kiretse iyo azoba yiguriye mu mahera yiwe.

Hari amakuru amaze imisi akwiragira hose avugwa na bamwe mu bakunzi b’umupira w’aguru mu Burundi y’uko Saido Berahino yoba agiye kugurira ingendeshwa nshasha umumenyereza wiwe Alain Olivier Niyungeko akarekana niyo yari asanzwe afise iri mu bwoko bwa Spacio .

Hari n’ayandi makuru aguma avugwa y’uko umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yoba yagize Saido Berahino kizigenza w’intamba bivanye n’uko yoba yamwemereye iyo ngendeshwa ivyo vyose nta muco wari wabonetse yaba kuri Berahino canke kuri Alain Olivier Niyungeko.

Inyuma y’ayo majambo yose Indundi Sports yegereye Alain Olivier Niyungeko kugira ashobore gutanga umuco kuri ayo majambo amaze imisi ariko aravugwa, Alain Olivier Niyungeko akaba yamiriye kure ayo majambo yose ariko aravugwa kuko ngo nawe arahembwa nk’abandi kandi nta mahera yoba abuze yo kugura iyindi ngendeshwa nshasha mbere aranereka Indundi Sports amahera asanzwe afise kuri Compte yiwe .

Naho biruko uyo mumenyereza kandi ntiyanse y’uko mu misi iri imbere ashobora guhindura ingendeshwa yari asanzwe afise akagura nshasha.

Akaba yagize ati ” ivyo mwabikuye hehe ngo y’uko noba ngira ngurirwe ingendeshwa nshasha na Berahino? Jewe rero sinkora? Simpembwa? Mushobora gutuma mpitamwo no kutagura iyo ngendeshwa yanje nshasha bivanye n’amajambo mutanguye kuvuga”.

Abajijwe y’uko yoba yahaye ubukizigenza bw’intamba mu rugamba Saido Berahino kumvo z’iyo modoka uyo mumenyereza yasubiye arabihakana aravuga y’uko ari ikinyoma cambaye ubusa.

Indundi Sports yasubiye kandi irondera Saido Berahino kuri ngendanwa yiwe iramubura niho guca ironka Manager w’intamba mu rugamba Mutima Costantin yama ari hafi yiwe uyo nawe akaba yatanze umuco y’uko ico ari ikinyoma cambaye ubusa ngo ni amajambo y’abantu baguma bivugira ico bishakiye .

Mutima akaba yagize ati : “Ivyo sivyo na gato n’ikinyoma cambaye ubusa ahubwo n’ajambo y’abantu baguma bavuga ivyo bishakiye”.

Alain Olivier Niyungeko akaba ahembwa amafaranga arenga umuriyoni umwe w’amarundi biragoye kuvuga y’uko yobura amahera yo guhindura ingendeshwa mbere n’amahera yerekanye Indundi Sports kuri Compte yiwe n’amahera ashobora kugura ingendeshwa nshasha kandi iri mu bwoko bwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871