homepagekirundikirundi_Sports

Alain Olivier Niyungeko arizeza intsinzi abarundi mu rukino rugiye kubahuza na Tanzania

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha zitatu zo mu gatondo (9h00), kibuga c’Intwari, umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yari yaramutse atanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru batandukanye kuvyerekeye ingene biteguye mu rukino rwo kurondera itike yo gukurakuranamwo yo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi kizobera muri Qatar mu mwaka wa 2022 ruzobahuza na Tanzania kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 04 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari.

Mu gihe yariko arishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru, Alain Olivier Niyungeko yamenyesheje y’uko atari ubwa mbere bahura n’umugwi wa Tanzania bamaze gukina inkino zitari nke kandi azi neza ko bakunda kuvunana ivyo baravyiteguriye ariko Uburundi nabwo buzobarusha ubuhinga.

Akaba yagize ati : “Si urukino rwa mbere dukina naba Tanzaniya murazi y’uko umugwi nserukira gihugu wa Tanzania bakunda kuvunana ivyo ndazi neza ko bavyiteguriye ariko natwe kuvyerekeye ubuhinga ndetse n’umukenyuro turabasumba uno musi kugira utsinde urukino ukoresha umukenyuro iyo ukoresheje umukenyuro mwiza uratsinda urukino turazinanye abakinyi barazinanye wonasanga Samatta yaje mu ndege imwe na Berahino. Ego umumenyereza wa Tanzania n’umurundi ntiwovuga y’uko atazi abakinyi bacu bamwe bamwe ariko yoba abibuka igihe yari akimenyereza hano iwacu hari ikindi kintu bahinduye muribo”.

Abajijwe kuvyerekeye imvugo aba Tanzania bakoresheje ivuga y’uko bazofyeta Uburundi kugira babone kubandanya, Alain Olivier Niyungeko yishuye ati : “Irya mvugo nawe woyivuga nanje ndashobora kuvuga y’uko nzokwica Tanzania ikintu bobanza kuraba n’akahe kazi bakoze ? Twese tuzofyekana turabe uwuzosumba uwundi ariko igikuru n’akazi umuntu azoba akoze niko kazotuma tubandanya canke tutabandanya”.

Alain Olivier akaba yarangije yizeza intsinzi abarundi mu rukino rwa Tanzania asubira arizeza y’uko azobandanya akora amateka yo kudatsindirwa ku kibuga c’Intwari .

Mukamenya y’uko kuva mu mwaka wa 2018 igihe intamba mu rugamba zariko zikina inkino zo kurondera itike ya CAN2019 ntizirasubira gutsindirwa ku kibuga c’Intwari .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871