homepagekirundikirundi_Sports

Alain Olivier Niyungeko ati : “Igice ca mbere catugoye kubera ihiganwa ritaratangura

Intsinzi y’uno musi yahaye icizere co gusubira kwitwara neza Alain Olivier Niyungeko.

Mugihe urukino rwari rurangiye Intamba mu rugamba zirahiye Sudani y’epfo ibitsindo 2-0, umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yatanze ikiyago ku banditsi hamwe n’abamenyeshamakuru kuvyereke urwo rukino.

Alain Olivier Niyungeko ariko arishura ibibazo vy’abanditsi n’abamenyeshamakuru yasiguye y’uko igice ca mbere cabagoye bivanye n’ingene ihiganwa rya Primus league ritaratangura kandi n’umwanya yabateguye ngo ni muke bisigura y’uko bigoye gose kugira bashobore gushika ku ntambwe bashitseko.

Akaba yagize ati : “Igice ca mbere nivyo catugoye nk’uko muzi abakinyi bacu ntibaratangura ihiganwa binjira bafise ubwoba kandi muziko benshi niho bagitangura gukina izi nkino za CHAN kandi muravye n’umwanya twabateguye novuga ko twigoye gose kugira dushobote gushika kuri iyi ntambwe dushitseko uno musi. Igice ca mbere bakinye mugabo ubonako harimwo akantu k’ubwoba ariko mu gice ca kabiri twagiye kuruhuka tubabwira y’uko bategereza gukora ico bashoboye kugira dushobore gutsinda ari navyo vyahavuye biba”.

Aha mwomenya ko Alain Olivier Niyungeko kuva mu mwaka wa 2018 akina urukino rwa mbere rwo kurondera itike yo gukina CAN2019 Egypte ata rukino na rumwe aratsindirwa ku kibuga c’Intwari. Yanganije na Gabon hano iwacu igitsindo 1-1, asubira anganya na Mali igitsindo 1-1, asubira atsinda Sudani y’epfo ibitsindo 3-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871