abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Alain Olivier Niyungeko yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza Buja City

 

Umumenyereza Alain Olivier Niyungeko Mutombola yamaze gutangura akazi mu mugwi Bujumbura City  , akaba ari nawe yakoresheje imyimenyerezo yo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 03 Munyonyo 2022.

 

Ivyo Alain Olivier Niyungeko Mutombola akaba yavyemereye ikimenyeshamakuru Indundi Sports naho atashimye kuvuga amasezerano yagiraniye n’uwo mugwi wa Bujumbura City .

Mutombola akaba agiye kumenyereza Bujumbura City asubiriye Omar Ntakagero amaze imisi yatanze imihoho muri uwo mugwi .

Uwo mumenyereza yahoze amenyereza Intamba mu rugamba  yari amaze amezi ashomereye inyuma yo gutanga imihoho mu mugwi Bumamuru Fc wo mu ntara ya Cibitoke mw’ihiganwa ry’umwaka uheze .

Umugwi Bujumbura City ukaba ufata ikibanza ca 11 muri Primus League n’amanota 10 mu nkino 11 umaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320