homepagekirundikirundi_Sports

Amasezerano Omar Ntakagero yagiraniye na Vital’o Fc yamenyekanye

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 09 Kigarama 2019 niho Omar Ntakagero yatangura icese akazi mu mugwi Vital’o Fc ari kumwe na Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé hamwe na Amidou Hassan.

Ku makuru twaronse n’uko Omar Ntakagero agiye kumenyereza umugwi Vital’o Fc ikiringo c’amezi atandatu (6) aho yasabwe n’uburongozi bwa Vital’o Fc y’uko yobaha igikombe kimwe hagati ya Primus ligue canke igikombe citiriwe umukuru w’igihugu ivyo akabikora azoca ahabwa amasezerano maremare muri uyo mugwi.

Ntakagero akaba asubiriye Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé, Kagabo wewe yahinduriwe amabanga y’akazi akaba yagizwe umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga ( Directeur Technique ) muri uwo mugwi wa Vital’o Fc.

Mukamenya y’uko Omar Ntakagero yatanze imihoho mu mugwi wa Buja city mu kwezi guheze bivanye n’uko uburongozi bw’uyo mugwi butigeze bukurikiza ivyo bari bemerenije.

Akaba asanzwe afise Licence A yamaze kuba icegera c’umumenyereza mukuru n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba, yaranabaye umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 23, yaramenyereje imigwi ya hano iwacu ikina Primus ligue nka Union Sporting , Buja City , Athletico Olympic, Royal Fc muri kino gihe akaba yimukiye muri Vital’o Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871