homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Amissi wa Rukinzo ngo igitsindo yatsinzwe na Musongati Fc sico

Mugihe yari ahejeje kunganya na Musongati Fc ibitsindo 2-2 , Umumenyereza wa Rukinzo Fc Amissi Bagumako yavuze y’uko yabuze amahirwe niyo mpamvu yanganije na Musongati Fc , ariko akaba yaridogeye abahagarikizi mu kuvuga y’uko bashaka guha avantage imigwi iri mbere .

Amissi Bagumako ati” Umukino ni uko umera nyene twe twiteguye neza amahirwe twayabuze n’igiteko badutsinze sinemeranya nabo aba albitre ni kubaraba iki gihe kigezeko ni igihe kibi cane harimwo gushaka guha avantage Équipe ziri imbere cane niyo mpamvu usanga ari ikibazo”

Abajijwe ico yoba yagiriza abahagarikizi Amissi akaba yishuye ati” ndabagiriza kubera kiriya gitego kuko ntabwo woshobora gusifura igitego uhagaze ahantu hamwe nimba cagiyemwo urimwo uriruka ariko apana kwicara albitre abanza akubaze wemere nico kibazo nagize ”

Rukinzo Fc ikaba yaciye irara mu kibanza ca 10 n’amanota 34 mu nkino 27 umaze gukina .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874