homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Arsenal : Ibiriko biyibako ngo vyaheruka mu mwaka w’1913

Mu nkino 25 umaze gukina, umurwi wa Arsenal umaze gutsindamwo zitandatu gusa, unganya mu nkino 13 utsindwa zitandatu, ibitari bwigere biwubako kuva mu mwaka w’inkino w’1912 ushira uw’1913.

Ejo ku wa Mungu, urukino rwayihuje na Burnley rwarangiye ari 0-0, inyuma y’aho umunyegori wa Arsenal akuriyemwo imipira ikomeye yari guha intsinzi Burnley.

Arsenal ibaye umurwi wa mbere mu mateka y’ihiganwa ryumupira w’amaguru mu Bwongereza, Premier League, unganije mu nkino zishika 13 kuri 25 zimaze gukinwa mu mwaka w’inkino umwe.

Muri urwo rukino, n’aho Burnley yashoboye kwiganzura Arsenal inyuma y’inkino 11 zose iyitsinda, yabuze amahirwe menshi yo kwihaniza uwo murwi umenyerezwa na Mikel Arteta.

Abakinyi Jeff Hendrick na James Tarkowski bahushije ibitsindo vy’umutwe, nayo Jay Rodriguez wewe akaba yari yizeye ko atsinze, ariko umupira ukubita umwamba musi, uca usubira mu kibuga.

Vyabaye ngombwa ko ubuhingwa bwa none bwerekana ko umupira utashoboye umurongo ngo winjire mw’igori.

Arsenal iba ironse ayo mahirwe yo guheza inkino indwi zikurikirana mu mahiganwa atandukanye idatsindwa, hamwe n’izindi indwi nyene imaze idatsinzwe mu nkino imaze gukinira hanze.

Kuva uno mwaka wa 2020 utanguye, imaze gukina inkino zine za Premier League inganya, ibitari biherutse kuva mu kwa kabiri 2009.

Kizigenza wayo Pierre-Emerick Aubameyang yagarutse inyuma y’igihano yahawe c’ukudakina inkino zitatu, ariko Arsenal nta kintu kinini yerekanye n’aho kenshi wasanga ari yo igumije umupira umwanya muremure.

Mw’ihiganwa rya Premier League ry’uno mwaka w’inkino 2019/2020, Arsenal imaze gutsinda inkino zitandatu gusa, urukino rw’ejo rukaba rwari rugize 13 ruhera inganije.

Mu rukino rwayo rw’imbere yaho ku wa 21/01, yavuye aho rwotera izuba inganije na Chelsea ibitsindo 2-2 kandi yamaze iminota hafi 70 yose ikina idakwiye ku kibuga ca Chelsea, inyuma y’aho David Luiz aherewe ikarata itukura kw’ikosa yakoreye umusatirizi Tammy Abraham.

Kuva ku wa 20/12/2019, Mikel Arteta yagenywe nk’umumenyereza wa Arsenal inyuma y’aho yirukanye umunya Espagne Unai Emery mu kwa 11.

Amaze gutsinda urukino rumwe gusa muri Premier League, n’aho abihweza ibintu n’ibindi babona ko hari icahindutse kuva atanguye amabanga muri uwo murwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871