homepagekirundikirundi_Sports

AS Kigali yirukanye abarundi batanu

Inyuma yo gutwara igikombe ca Peace Cup ugahava ari nawo uzoserukira Urwanda mu nkino za CAF Confederation Cup, umugwi As Kigali wamaze kwirukana abarundi batanu.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Mukakaro umwaka wa 2019 niho umugwi As Kigali washize ahabona abakinyi bagera kuri 12 wirukanye. Muri abo bakinyi birukanywe harimwo abarundi batanu akaba ari Ndarusanze Jean Claude benshi bazi kw’izina rya Lamba Lamba yabaye umusatirizi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier league ry’umwaka uheze wa 2018-2019, yasubiye kandi yirukana Ndayisenga Fwadi, Ngama Emmanuel , Ntate Jumaine hamwe na Ininahazwe Fabrice benshi bazi kw’izina rya Messi.

As Kigal ikaba yaguze abakinyi bagera kuri 7 harimwo abanyamahanga bagera kuri 4 aribo Ekandjo Essombe Arstide Patrick yakinira Union de Duala muri Cameroun, Makon Nlogi Thierry yakina muri Coton Sports ya cameroun , Allogo Mba Rick Martel yakina muri Manga Sport yo muri Gabon hamwe na Fossk Fabrice Raymond yakina muri UMS de Loum muri Cameroun.

Uru nirwo rutonde rw’abakinyi 12 As Kigali yirukanye :

1. NDARUSANZE Jean Claude
2. NGAMA Emmanuel
3. NININAHAZWE Fabrice
4. MURENGEZI Rodrigue
5. NDAYISENGA Fwadi
6. MUHOZI Fred
7. NTATE Djumaine
8. ISHIMWE Kevin
9. BIZIMANA Djuma
10. NIZEYIMANA Alphonse
11. KALANDA Frank
12. KANAMUGIRE Moses

Mukamenya y’uko abo bakinyi b’abarundi birukanywe gushika ubu ata migwi bararonka ibipfuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871