homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Asman yasubiye i Kigali ashimira abarorerezi b’intamba

Asman yasubiye iKigali mu Rwanda mu kazi ka misi yose ashimira abarorerezi n’abakunzi b’umugwi w’intamba mu rugamba ku kuntu bavyifashemwo neza.

Asman benshi bazi kw’izina rya Makalisteur canke Ambassadeur w’abarorerezi bose b’intamba mu rugamba yasubiye i Kigali mu gihugu c’Urwanda aho asanzwe akorera uburorerezi bwiwe mu mugwi Apr Fc .

Ntiyasivye gushimira abarorerezi bose b’intamba mu rugamba k’ukuntu bitwaye mu rukino rw’intamba mu rugamba na Gabon akabasaba y’uko boguma bafatanye munda mu gushigikira intamba mu rugamba .

Uyo mugabo Asman akaba abeshejweho mu Rwanda n’akazi k’uburorerezi mu mugwi w’igisirikare c’Urwanda APR.

Asman Akaba yashimiye bimwe bivuye ku mutima Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ukuntu yahezagiye abakinyi mu kubanza kubaha umubonano imbere y’urukino rwa Gabon kuri Asman ngo yarabahezagiye .

Yasubiye kandi arashimira ishirahamwe Natura rigurisha amata mu Burundi ingene ryamuhaye amata nkagashimwe kugira agahogo kamere neza n’ukungene yaguma azunguruka mu kibuga ahimiriza abandi bakunzi b’intamba.

Akaguma ashimira buri umwanya ishirahamwe Amigo Lunch y’uwitwa R Kelly akunda kumuba hafi kuguma imuha ivyo kurya bituma agira ijwi ryiza n’amagara meza mugihe cose aba ari mu kazi kiwe ka misi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871