AthletismehomepageInkinokirundikirundi_Sports

Athlétisme : Indoto ya Francine yamenyekanye

Ugutahukana umudari w’inzahabu mu nkino za jeux Olympiques 2021 niyo ndoto Francine Niyonsaba afise

Kubw’uwo murundikazi asanzwe ahiganwa ku metero 800 akanatahukana umudari w’ifezo kuri izo metero mu nkino za jeux olympiques ziheruka.
Francine yamenyesheje ko yashimishijwe nukungene inkino za jeux Olympiques zobereye mu buyapani i Tokyo zegejwe imbere kubera ko ikiza Coronavirus catumye zunguruzwa.

Yiteze intsinzi mu mwaka uza muri jeux olympiques I Tokyo.

Abicishije ku rukuta rwiwe rwa Facebook Niyonsaba yavuze ati “Nakiriye neza ingingo yo kwigiza imbere Jeux olympiques mu mwaka uza wa 2021″.Amagara y’abanonotsi n’ayabantu muri rusangi niyo ngirakamaro,ati kuba begeje imbere izo nkino bizotuma nshitsa indoto yo gutahukana uwo mudali,twizere ko bizokunda” ayo majambo akaba yashimishije abarundi n’abanyamahanga bamukurikirana.

Mwomenya ko umunonotsi mpuzamakungu Francine Niyonsaba ari hano mu Burundi aho yabaye ararindiriye.

Tubibutse kandi ko Francine Niyonsaba yavutse kw’igenekerezo rya 5/5/1993 i Kayongozi i ku bilometero 29 uva ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi.

Indundi sports imwifurije kuzogira ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872