homepagekirundikirundi_Sports

Azam Fc yatandukanye na Ndikumana Selemani

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Kigarama 2019 niho ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook rw’umugwi Azam Fc haboneka inyandiko ivuga y’uko umugwi Azam Fc wahisemwo gutandukana n’uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Selemani kandi impande zose zikaba zumvikanye .

Bakaba banditse bati :

“Azam Fc iramenyesheje y’uko imaze gutandukana n’uwahoze ari umusatirizi wayo Ndikumana Selemani inyuma yo kwumvikana impande zose uko ari zibiri”.

Selemani Ndikumana akaba yiyunze na Azam Fc muri uyu mwaka wa 2019 mu kwezi kwa Rusama azanwe n’umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije Azam Fc wamuhaye uruhusha rw’uko yomenyereza amasezerano umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars.

Uyo kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Selemani akaba ari umwe mu bakinyi b’abarundi bamaze gukina mu bihugu bitari bike nk’Urwanda , Tanzania , Angola , Soudan , Belgique , Norvege , Qatar , Arabie Saoudite hamwe na Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871