homepageInkinokirundikirundi_Sports

Bacanamwo Joël agiye gukinira Miroslava muri Roumanie

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020, niho umukinyi w’inyuma w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Joël Bacanamwo yashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Miroslava ukina mu cicaro ca gatatu mu gihugu ca Roumanie.

Amezi atatu gusa niyo agiye gukinira uyo mugwi hanyuma muri Ruheshi ashobora kwerekeza mu wundi mugwi wo mu cicaro ca mbere canke ca kabiri.

Aganira na Indundi Sports Bacanamwo akaba yavuze y’uko yahisemwo kuja muri Roumanie bivanye n’uko umugwi wa AFc Tubize yakinamwo wo mu Bubirigi wamanutse mu cicaro ca 3 ukaba kandi wari ufise ingorane z’uburyo ninayo mpamvu yahisemwo kuja muri Roumanie.

“Nahisemwo kuva mu mugwi wa AFc Tubize bivanye n’uko uyo mugwi wamanutse mu cicaro ca 3 kandi usanzwe unafise ikibazo c’uburyo ninayo mpamvu ndi ngaha muri Roumanie. Nkaba nashize umukono ku masezerano yo gukinira uyu mugwi wa Miroslava mu kiringo c’amezi 3 gusa kuko intumbero yanje ni ugukina mw’igihanwa ryo mu cicaro ca mbere ryo muri Roumanie canke ica kabiri canke ahandi ariko kibe igihugu kirimwo ihiganwa rikomeye ryo muri Europe.”

Mukamenya y’uko Joël Bacanamwo ni umwe bakinyi b’inyuma b’intamba mu rugamba beza Uburundi bufise muri kazoza bakinisha ukuguru kw’ububafu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871