Basketballfeatured sporthomepageInkinokirundikirundi_Sports

Basketball: Abakinana na Jean bamwifurije isabukuru y’amavuko yiwe

Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza nico gihe Jean Hakizimana yabonerako izuba.

Hakizimana akaba amaze imyaka irenga cumi n’ibiri mu murwi wa Dynamo akaba ari nawe kizigenza w’uwo murwi mbere akaba anakinira umurwi nserukiragihugu wa basketball.

Paulin Gauthier Jimbere wa Gymkhana na Guibert Nijimbere wa Patriote mu Rwanda bakinira umurwi nserukiragihugu wa basket bifurije isabukuru nziza uwo mukinyi rurangiranwa.

Paulin Jimbere akaba yasavye Jean Hakizimana kubera urumuri abakiri bato kugira nabo nyene ngo bazoshike aho yashitse.

Jean amaze gutwara inkino za zone 5 arikumwe n’Urunani , yatahukanye East African military game arikumwe na Muzinga mbere atorwa nk’umukinyi yarushije abandi muri 2012.

Indundi sports ikaba imwifurije isabukuru ryiza

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874