Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

Basketball: Jadot Nkurunziza yaratunganije ihiganwa rya Basketball

Gymkhana yarirahiye Urunani mu rukino rwa kivandimwe ruheruka kubahuza.

Mw’ihiganwa ryatunganijwe na Jadot Nkurunziza riheruka guhuza imirwi itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura ,umurwi wa Gymkhana warirahiye Urunani ku ncuro ya kabiri yikurikiranya ku manota 77 kuri 70 kuri uyu wa gatandatu ku kibuga co mw’i jabe.

Ku ruhande rw’urunani kari akaryo keza ko gupima abakinyi bashasha kugira bamenyerane n’abandi , abo nabo akaba ari Alain batazira avuye muri Les hyppos , Gontran Emerusenge yakuriye muri Gymkhana , Nobel Niyonganji yahora muri Dynamo ,Salumu n’a Ncoro.

Ku ruhande rwa Gymkhana , rwari urukino rwa kabiri Aimeé Bitagoye atsinze Urunani kuva agenywe akaba yabwiye Indundi ko bariko barapima abakinyi babo narirya ihiganwa ryimirije.

Mwomenya ko mu zindi nkino Dream Team yatsinze Kazoza mu badashikana imyaka 15 hama mubari munsi y’imyaka 18 Ambassadors yatsinzwe na Ishaka 29 kuri 49.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874