Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

Basketball : Richard Ndikuriyo mbega azokina he ?

Mu gihe havugwa ko ihiganwa rya basket i Bujumbura rigiye gutangura mu misi iza , umukinyi yaramuwe na Mutanga united ubu akaba yakinira Dynamo n’umurwi nserukiragihugu wa basketball Richard Bienvenue Ndikuriyo yamenyeshejwe n’umurwi wa Mutanga United yahozemwo ko ikiringo yatijwe muri Dynamo carangiye aho umurwi wamumenyesheje ko yogaruka akawukomeza , ibitashimishije uwo mukinyi Richard Bienvenue Ndikuriyo nkuko yabishikirije mu kiganiro yahaye insamirizi Buja fm .

Uwo mukinyi yavuze ko muri Dynamo hari akarusho gusumba muri Mutanga united akaba yamenyesheje ko muri uwo murwi yahora akinamwo Dynamo yahabwa agashahara , akarihirwa Gym, ngo kuba akinana n’ibihangange muri Dynamo vyatuma umupira akina wisununura akaba yasavye ubuyobozi bwa Mutanga United ko bwomureka akaguma muri Dynamo.

Mu buyobozi bwa Mutanga United babivugako iki?

Uwurongoye Mutanga united Kavakure Valentin siko abibona.
Kavakure Valentin yabwiye Buja fm ko ikiringo Richard yari yatijwe muri Dynamo carangiye , aca amenyesha ko Mutanga united nayo nyene imukeneye mw’ihiganwa rigiye gutangura.

Indundi sports ikaba ibemereye kubandanya ibatohoreza iyo nkuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874