homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Benjamin Bikorimana ngo niwe akirongoye Vital’o Fc

Uwutwara umugwi Vital’o Fc biciye mu mategeko Benjamin Bikorimana ngo niwe akirongoye uyo mugwi gushika n’ubu.

Hari kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 15 Ndamukiza , mu kiganiro c’inkino citwa Morning Sports cama kiremeshwa na bagenzi bacu Rashid Alfred hamwe na Vivance. Muri ico kiganiro, uwusanzwe atwara umugwi Vital’o Fc Benjamin Bikorimana bamubajije y’uko yoba amaze gutanga umugwi ku ndongozi nshasha za Vital’o nawe yishura y’uko ariwe akirongoye Vital’o Fc gushika n’ubu ngo abo bakoze inama yo kumusubiriza nawe agiye kubitwarira.

“Ni jewe nkirongoye umugwi Vital’o Fc abakoze inama yo kunsubiriza nabo ngiye kubitwarira”. Uyo akaba ari Benjamin Bikorimana .

Mw’ikete Benjamin Bikorimana yari yanditse asubiza indongozi nshasha za Vital’o igenekerezo rya 06 Ndamukiza umwaka wa 2019, igihe zari zamwandikiye ikete zimusaba y’uko yotanga uyo mugwi, Benjamin Bikorimana yarazishuye aremera y’uko ishirahamwe Bioénergies asanzwe ariwe arirongoye ryaremeye gutanga uyo mugwi wa Vital’o mu mpera z’ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa wa 2018-2019 , ariko ku musi w’ejo kuri Radio Rema FM yaremeje y’uko ariwe akirongoye Vital’o Fc kandi agiye kubitwarira.

Indongozi nshasha zikaba zimaze gushingwa zirongowe n’uwahoze atwara uyo mugwi mu myaka itandatu iheze ariwe Djamal Seifu n’icegera ciwe Evariste .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871