Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020, niho umugwi wa Namungo Fc wari wakiriye umugwi wa Young Africans iwabo ahitwa i Lindi mu gisagara ca Shinyanga mu rukino rw’indwi ya 28 y’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL (Vodacom Premier League ). Urwo rukino rukana rwarangiye iyo migwi ibiri inganije igitsindo 1-1.
Yaoung Africans niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 6 w’urukino cinjijwe na Tariq mugihe ica Namungo cinjijwe n’umurundi Bigirimana Blaise ku munota wa 62.
Bigirimana Blaise akaba yaciye akwiza ibitsindo 9 mu nkino 28 amaze gukina mw’ihiganwa ryo muri Tanzania .
Namungo Fc ikaba iri mu kibanza ca 4 mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania VPL n’amanota 50 mu nkino 28 umaze gukina .
Mukamenya y’uko muri uwo mugwi wa Namungo Fc ukinamwo uwundi murundi murumuna wa Saido Ntibazonkiza ariwe Steeve Nzigamaso asanzwe ari na kizigenza w’uyo mugwi.