abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Bimenyimana Bon Fils Caleb agiye kumara indwi 4 adakina biturutse ku mvune

Inkuru indundi Sports ihejeje kuronka muri kano kanya ni uko umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba hamwe na Kaizer Chiefs Bimenyimana Bon Fils Caleb yagize imvune, iyo nkuru tukaba twayisomye mu kinyamakuru co muri Africa y’epfo citwa SABC Sport.

Bimenyimana Bon Fils Caleb akaba agiye kumara ikiringo c’indwi zigera kuri 4 adahonyoza ikirenge mu kibuga.

Iyo mvune akaba yayigiriye mu rukino rwabahuje na Chippa United mu mpera z’indwi yaraye irangiye aho uwo mugwi wabatsinze ibitsindo 2-1.

Mwomenyako Bimenyimana Bon Fils Caleb yari amaze gutsinda ibitsindo bigera kuri 6 mu nkino zigera kuri 7 amaze gukinira umugwi wa Kaizer Chiefs.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321