footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Blaise Matuidi basanze arwaye Coronavirus

Umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu w’Ubufaransa hamwe n’umugwi wa Juventus wo mu butariano Blaise Matuidi yaraye agiriwe imipimo vy’amagara yiwe basanga arwaye ikiza ca Coronavirus.

Umugwi wa Juventus wavuze y’uko kuva igenekerezo rya 11 Ntwarante uyo mukinyi atakiba iwe bakavuga y’uko uyo mukinyi azobandanywa akurikiranwa n’abanganga kandi azokurikiza amategeko ya Reta y’Ubutariano .

Matuidi akaba abaye umukinyi agira kabiri wa Juventus atowe ico kiza ca Coronavirus inyuma ya mugenzi we bakinana akina inyuma Daniele Ruyani.

Uwo mukinyi w’imyaka 31 Matuidi yari ku rutonde rw’abakinyi ba Juventus bama batangura mu kibuga akaba yari amaze gukinira uwo mugwi inkino zigera kuri 31.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891