Nshimirimana Ismail batazita Pitchou ni umukinyi mushasha w’umugwi APR Fc .
Amakuru yashikiriye ikimenyeshamakuru canyu Indundi Sports kandi yemezwa n’abari mu mugwi APR Fc avuga ko umugwi w’igisirikare c’Urwanda wamaze kugura umukinyi w’Intamba mu rugamba Nshimirimana Ismail Pitchou .
Uwo mukinyi akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’Imyaka 2.
Ismail akaba yahora mu mugwi Kiyovu Sports mu mwaka uheze , akaba ari no mu bakinyi beza uwo mugwi wari ufise.
Mwomenya ko uwo mukinyi yaronderwa cane n’umugwi wa Rayon Sports , ariko bikaba birangiye APR Fc imutahukanye .


















