homepageInkinokirundikirundi_Sports

Brandon Chebby abarizwa i Bujumbura akaba yakiriwe n’abarongozi ba Aigle Noir

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama 2019 niho wa mukinyi Aigle yaguze imukuye mu bwongereza ariwe Brandon Chebby yashika  i Bujumbura yakiriwe n’abayoboye umugwi Aigle Noire hamwe na inasenge wiwe.

Brandon akaba yahora akina mu Bwongereza mu mugwi wa Stohham AFC akaba avuka ku muvyeyi umwe w’umurundi ariwe se wiwe akaba yitwa Chebby Warren Ndayishimiye mugihe nyina wiwe nawe ari umwongerezakazi yitwa Chrly Cooper.

Mukamenya y’uko inyuma y’ukwakirwa n’uburongozi bwa Aigle Noir nka Bigirimana Radjabu bwaciye bumujana kw’ihoteri kuruhuka. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12 Kigarama 2019 yaciye ajanwa mu ntara ya Makamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871