footballIKIRUNDI_newskirundi_SportsRecent_videos

Breaking News : Niyonkuru Gustave niwe agiye kumenyereza Buja City

Umugwi wegukira igisagara ca Bujumbura ariwo Bujumbura City wahaye amasezerano uwahoze ari umumenyereza wa Aigle Noir na Les Crocos , Niyonkuru Gustave.


Ntituramenya amasezerano Niyonkuru Gustave yagiraniye n’uwo mugwi wegukira igisagara ca Bujumbura ico twamenye n’uko yasabwe kuzohesha n’igikombe na kimwe uwo mugwi mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2021-2022.

Gustave akaba ariwe yadugije umugwi Les Crocos wo mu Rumonge inyuma y’uguhabwa akaruhuko n’umugwi Aigle Noir ariko akabandanya agahemberwa.

Mwomenya y’uko Gustave Niyonkuru ari umwe mu bamenyereza bo mu Burundi bafise Licence A ya CAF.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 330