homepagekirundikirundi_Sports

Breaking News : Nizigiyimana Abdoul Karim yaguzwe muri Wazito Fc

Ukwitwara neza muri CAN 2019 kwatumye Nizigiyimana Abdoul Karim Makenz agurwa mu mugwi Wazito Fc.

Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Mukakaro umwaka wa 2019, mu gihugu ca Kenya niho umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Nizigiyimana Abdul Karim Makenz yagurwa mu mugwi Wazito Fc waduze mu cicaro cambere uyu mwaka .

Karim Nizigiyimana akaba yahawe amasezerano yo gukinira Wazito Fc ikiringo c’umwaka n’igice .

Aganira na Indundi Sports Karim Nizigiyimana yavuze y’uko yahisemwo gusubira mu gihugu ca Kenya kuko ni ahantu akunda cane. Akaba yagize ati :

“Ego nahisemwo gusubira mu gihugu ca Kenya bivanye n’uko ari ahantu nkunda cane kandi narahakoreye amateka atari make”.

Karim Nizigiyimana akaba ari umwe mu bakinyi amaze imyaka myinshi akinira Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba .

Yaraciye mu migwi ya hano iwacu nka Vital’o Fc agenda mu Rwanda akinira Imigwi ya Apr Fc , Rayon Sports hamwe na Kiyovu ava ngaho yerekeza muri Kenya mu mugwi Gormahia Aca ava ngaho yerekeza mu Buganda mu mugwi Vipers muri kino gihe yamaze kugurwa muri Wazito Fc .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871