homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Bumamuru Fc yanyagiwe na Mamelodi Sundowns

Umugwi Bumamuru Fc wari waserukiye Uburundi mu nkino za CAF Champions League uhejeje kunyagigwa mu rugo.

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2023 Isaha umunani (14h00) mu masaha ya hano iwacu , isaha icenda (15h00) mu masaha y’Idar Es Salam , aho umugwi Bumamuru Fc wakira umugwi Mamelodi Sundwns Fc wo muri Africa y’epfo mu rukino rwo gutangura rw’imigwi yabaye iyambere mu bihugu vyabo CAF Champions League . Urwo rukino rwarangiye Bumamuru Fc inyagiwe ibitsindo 4-0 .

Lucas Costa yinjije ibitsindo bibiri ku munota wa 12 na 37, mugihe Lesiba yinjije igitsindo ca gatatu ku munota wa 41 hamwe na Shalilile ku munota wa 79 w’urukino .

Umugwi wa Bumamuru Fc ukaba washitse mu gisagara ca Dar Es Salam kuri uwo musi nyene isaha zitandatu z’ijoro ( 0h) mugihe wari ufise urikino isaha umunani ( 14h00) ibishobora kuba vyatumye uwo mugwi utavyitwaramwo neza .

Gushika ubu ntawuramenya impamvu yoba yatumye uwo mugwi uteba gushika mu gihugu ca Tanzania .

Mwomenya ko urukino rwo gusubiriza umugwi Mamelodi Sundowns ariwo uzokwakira Bumamuru Fc igenekerezo rya 30 Nyakanga 2023 ku kibuga ca Loftus .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822