homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba mu rugamba z’abigeme zihejeje gutsinda Amavubi y’Urwanda

Umugwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba w’abigeme watsinze umugwi nserukiragihugu w’Urwanda w’abigeme Amavubi .

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2023 isaha icenda ( 15h00) ku kibuga c’inkino kiri i Busegera mu gihugu c’Urwanda , niho umugwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba w’abigeme watana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu w’Amavubi w’abigeme mu rukino rwa kivandimwe.

Urwo rukino rwarangiye Intamba mu rugamba z’abigeme zitsinze amavubi igitsindo 1-0 , igitsindo cinjiwe na Uwimana Anniella ku munota wa 23 w’urukino .

Urukino rwo gusubiriza ni ku munsi w’ejo igenekerezo rya 16 Nyakanga 2023 i Kiigali, ku kibuga citiriwe Pele igihe c’isaha imwe y’ijoro ( 19h00).

Mwomenyako izo nkino za kivandimwe zizofasha umurwi w’ Intamba mu rugamba z’abigeme bakuze kwitegurira neza inkino zibiri wimirije zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’Isi c’abigeme , aho Uburundi bwitezwe guhura na Ethiopie igenekerezo rya 22 na 26 Nyakanga 2023  .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 803