Umurwi Bumamuru Fc waraye uhaye umunezero udasanzwe abakunzi bawo inyuma yo gutahukana igikombe .
Hari kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Rusama 2023 isaha Icenda 15h00 ku kibuga Urunani mu Cibitoke , aho umurwi Bumamuru Fc wari wakiriye umurwi wa Olympic Star w’imuyinga . urwo rukino rwarangiye Bumamuru Fc inyagiye Olympic Star ibitsindo 5 vyose ku 0.
Nkurunziza Alfred Peter yinjije ibitsindo 3 Ku Giti ciwe mugihe ibindi bitsindo vyinjijwe na Munyampara Pepe hamwe na 𝐑𝐢𝐜𝐡𝐚𝐫𝐝 Kilongozi .
Ico gikombe ca Primus League kikaba caciye kiba igikombe ca mbere uwo murwi utahukanye mu mateka .
Mwomenyako Bumamuru wari umaze gutwara ibikombe 2 vy’igikombe mw’ihiganwa ryitiriwe Umukuru w’igihugu, ariko rikaba ryari iryambere utwara ico gikombe ca Primus League .