homepagekirundikirundi_Sports

CAF Champions league : Aigle Noir igiye kwakirira Gormahia i Bujumbura

Umugwi Aigle Noir The Fighters ugiye kwerekana ubukomezi bwayo muri CAF Champions league.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro isaha icenda 15h00 ku kibiga c’intwari umugwi Aigle Noir The Fighters watwaye ihiganwa rya Primus league ry’umwaka uheze uzoba wakiiriye umugwi wa Gormahia mu rukino rwo gutangura rwa Total CAF Champions league ry’imigwi yabaye iyambere mu bihugu iwabo.

Abarundi bose bakaba basabwa kuzoza ku bwinshi gushigikira uyo mugwi wo mu Ntara ya Makamba narirya ari ubwa mbere ikina iryo higanwa rya CAF Champions league.

Uwundi mugwi uzoserukira igihugu mu nkino za Total Caf Confederation Cup ni umugwi wa Rukinzo Fc nawo ukaba ariwo watwaye igikombe citiriwe Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi nawo ukazokwerekeza muri Zimbabwe gutana mu mitwe n’umugwi wa Triangle United.

Ibiciro vyo kwinjira muri urwo rukino rwa Aigle Noir na Gormahia bikaba bimeze uku gukurikira :

-Ku mpande z’ikibuga : 2000fb

-Mu bwugamo A na D: 20.000fb

-Ubwugamo B na C : 100.000fb

-Ubwugamo bw’iteka benshi bita Tribune d’honneur : 500.000fb

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871