homepagekirundikirundi_Sports

CAN 2019: Ikirangamisi c’inkino z’intamba mu rugamba

Abarundi benshi bama bibaza umusi n’igihe inkino z’intamba mu rugamba zizoberako mu mahiganwa ya CAN 2019 azobera muri Egiputa mukwezi buca dutangura, tukaba twamaze kuronka ikirangamisi c’inkino z’Intamba mu rugamba zizokina n’igihe.

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba uzokina urukino rwa mbere rwa CAN 2019 n’umugwi nserukira gihugu wa Nigeria igenekerezo rya 22 Ruheshi umwaka wa 2019, i Alexandre isaha z’ibiri zo mw’ijoro 20h00.

Urukino rwa kabiri zizorukina igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka wa 2019 igihe c’isaha icumi n’imwe n’igice z’umuhingamo 17h30 i alexandre nyene.

Urikino rwa gatatu Intamba mu rugamba zizorukina n’umugwi nserukira gihugu wa Guinée igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka wa 2019 ahitwa Al Salam isaha 19h00 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871