homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Abarundi baba i Cairo batererewe amadorari 500 kugira bazogende gushigikira intamba

 

Wa mugambi “Dushigikire intamba zacu” nturiko uraba mu Burundi gusa no muri Egiputa ahariko harabera amahiganwa ya CAN, abarundi baba muri ico gihugu baguma bafashanya kugira bazoshobore kuza gushigikira intamba mu rugamba.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka wa 2019 abarundi baba i Cairo baratererewe amadorari amajana atanu yo kuzokwunguruza abarundi baba muri ico gihugu gushika mu gisagara ca Alexandria kugira bazoze gushigikira Intamba mu rugamba mu rukino rugiye kubahuza na Madagascar kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka wa 2019 isaha icumi n’igice 16h30 mu masaha ya hano iwacu.

Muri abo barundi batanze iyo ntererano akaba ari Nduwimana Jean Paul, Franck Ndisanze Alias Mandela, Kiyoyo Djuma, Gilbert aba muri Paris hamwe na Honorable Denis Karera akora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Mukamenya y’uko kuva i Cairo werekeza i Alexandria n’imodoka hagendwa n’imiburiburi amasaha abiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871