homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Abarundi babiri mu bakinyi bo muri kano karere bakomeye batowe na BBC

Ikinyamakuru BBC cashize ahabona abakinyi bagera kuri 9 bo muri kano karere bakomeye bazokina CAN2019.

Kuri urwo rutonde duhasangamwo abakinyi babiri b’abarundi abo nabo akaba ari uwitwa Saido Berahino asanzwe ari kizigenza w’intamba mu rugamba hamwe na Fiston abdoulrazzaq.

Urwo rutonde rumeze gutya :

Mu Burundi :

1) Fiston Abdoulrazzaq akaba asanzwe akina mu mugwi Js Kabylie wo muri Algeria akongera akaba n’umusatirizi w’Intamba mu rugamba yafashe ikibanza ca kabiri mu bakinyi batsinze ibitsindo vyinshi mu mahiganwa yo kurondera itike yo gukina CAN 2019.

2) Saido Berahino asanzwe ari kizigenza w’Intamba mu rugamba akongera agakina mu mugwu Stock City ukina mu cicaro ca kabiri mu bwongereza .

Muri Tanzania :

3) Bwana Ally Samatta asanzwe ari kizigenza w’umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars akaba akina mu cicaro ca mbere mu bubirigi mu mugwi Genk

4) Simon Msuva ni umusatirizi w ‘umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa Stars muri kino gihe asanzwe akina mu mugwi Al Jadida ukina mu cicaro cambere muri Maroc .

Muri Kenya :

5)Victory Mugubi Wanyama nawe asanzwe ari kizigenza w’umugwi nserukira gihugu wa Kenya Harambee Stars akongera agakina mu cicaro ca mbere mu bwongereza mu mugwi wa Tottenham .

6) Michael Olunga ni umusatirizi asanzwe akina mu mugwi nserukira gihugu wa kenya Harambee stars muri kino gihe akina mu gihugu ca Japon mu mugwi witwa Kashiwa Resol.

Muri Uganda :

7) Emnanuel Okwi akaba ari umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’Ubuganda witwa (Uganda Cranes ) muri kino gihe akaba asanzwe akina mu mugwi Simba SC wo muri Tanzania .

8) Denis Onyango akaba asanzwe ari kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’Ubuganda akongera agasamira umugwi Mamelodi Sundown wo muri Africa y’epfo.

Muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo :

9) Yannick Bolasie, umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu wa Congo akaba asanzwe akina mu mugwi wa Anderlecht wo muri Turkia.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871