homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Fréderic Nsabiyumva mu bakinyi 11 bitwaye neza mu nkino z’umusi wa mbere

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Frederic Nsabiyumva abandanya yitwara neza muri CAN.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka wa 2019 , niho haza gutangura inkino z’umusi ugira kabiri wa CAN 2019 iriko ibera muri Egiputa imbere y’uko izo nkino z’umusi wa kabiri zitangura ishirahamwe CAF ryashize ahabona abakinyi 11 bitwaye neza mu nkino z’umusi wa mbere za CAN 2019.

Muri abo bakinyi batowe hakaba harimwo umukinyi w’inyuma w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba asanzwe akina muri Africa y’epfo mu mugwi Chipa United.

Ivyo bikaba bishobora gutuma uyo mukinyi aronka umugwi mwiza ukina i Buraya niyabandanya yitwara neza nk’uko yitwaye mu rukino rwa Nigeria.

Aba nibo bakinyi 11 bitwaye neza ku musi wa mbere wa CAN 2019 :

1) Sibanda
2) Wagué
3) Mandi
4) Nsabiyumva
5) Sabaly
6) Gueye
7) Benacer
8) Miya
9) Bounedjah
10) Poté
11) Trezeguet

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871