homepagekirundikirundi_Sports

CAN2019 : Icirwa umumenyereza Alain Olivier Niyungeko ngo yaraye ahakuye

Icigwa gikomeye Alain Olivier Niyungeko yaraye akuye muri CAN gishobora gutuma uyo mumenyereza akosora amakosa amwamwe yakoze.

Inyuma y’aho intamba mu rugamba zitsindiwe na Guniée Conakry ibitsindo 2-0 kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 30 Ruheshi, abamenyeshamakuru bakorera insamirizi BBC bararondeye umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko bamubaza icoba catumye atitwara neza muri ayo mahiganwa ya CAN ariko abera muri Egiputa.

Alain Olivier Niyungeko yavuze y’uko icabanje kubaca intege ku rukino rw’ejo ari ikarata itukura Nduwarugira Christophe yaronse ku munota wa 12 w’urukino akavuga ko ari navyo vyaciye bituma batakaza urwo rukino.

Olivier Niyungeko akaba yavuze y’uko kubona basezererwa muri iryo higanwa rya CAN bataronse n’inota na rimwe canke batsinde n’urukino na rumwe hamwe no kutanganya na rimwe ko vyamuhaye icirwa gikomeye.

Akaba yagize ati ” Ico nize muri CAN n’uko izi nkino zisaba gutegura umwanya muremure. Tuhakuye icigwa tugiye gwitegura gushasha nitwagira amahirwe tukagaruka tuzoba abandi bantu”.

Mukamenya y’uko ari irya mbere intamba mu rugamba zitabira izo nkino za CAN 2019 kuva Uburundi bwikukira zigaca zinasezererwa mw’itsinda zarimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871